publicité

Michel Nahimana, umuhinguzi w’ibitabu afise intumbero

Version imprimable

Mu Burundi , amahinguriro ntaratera imbere. Ibituma ni vyinshi. Hari uko ico gihugu gisanzwe gikenye ibikoresho vya nkenerwa mu ntango z’ibikorwa , kubura  abahinga babinonosoye ariko kandi hakaba  n’uko ata politike yo guteza imbere amahinguriro ihari. N’aho biri uko , abagerageza bo ntibabuze. Ihinguriro ry’ibitabu Nami ( Nahimana Michel) ni akarorero kamwe mu yandi ashobora guhanganwa n’izo ngorane rigatako rigatanga akazi ku miryango itari mike.Nami iri mu minwe y’umugabo  abarizwa mu myaka 50 y’amavuka ,Nahimana Michel. Ntiyagize amahirwe yo kubandanya amashure  amaze kurangiza umwaka wa 6 w’amashure mato mato ariko yashoboye kumenya ubuhinga buhanitse bwo gutunganya ibitabu n’ibindi. Ivyo navyo yavyigiye muri Presses Lavigerie aho yari yagiye gukora akazi ari umukozi asanzwe. Nahimana Michel ntiyamye ari uwo abantu bazi uno musi.  Ubwiwe aravyivugira ati : «  Igihe nakorera mu buhinga bw’ivyuma muri Presses Lavigerie  , naciye mboneraho akaryo ko kwiga ingene amamashini atandukanye akora mu myaka itarenga itatu. N’aho natanguye mbona umengo ni indoto , mu nyuma naratahuye ko bishoboka ko nshinga ihinguriro ryanje . Naciye ntanga imihoho ku kazi nca nja mu burimyi bw’umuceri ndetse amafaranga nakuye aho nari narimye niyo naciye ntanguzamwo iri hinguriro. » Gutera imbere kwa Nahimana Michel ntikwiyadukije. Mu myaka y’2000 yagiye hamwe n’abandi mu ntumbero yo kwungura umutahe. Ubwo bucuti ntibwaragamye kuko baciye batandukana haheze igihe gito bakorana. Noneho hinge ukwo gutandukana guce kuba intango yo kwiyumvira  ubundi buryo bw’ ingene yobandanya akora. Yaciye atangurira ku kwigisha abakozi ubuhinga bwo gukora ibitabu aca atako yigira inama yo kwaka ingurane muri banki. Inyungu yagiye araronka muri ivyo bikorwa yaciye ayitumamwo amamashini agezweho yo mu bwoko bwa Abdick ,Heidelberg , Domina n’izindi mu bihugu vy’Ubufaransa n’Ubudagi. Ikibazo nyamukuru iryo hinguriro rifise ni ubukene gw’ibikoresho nkenerwa mu guhingura ivyo bitabu. Nahimana Michel ati : «  Ibikoresho vyose ni ivyo turinda  kugurira mu makungu. Nta hinguriro na rimwe ry’impapuro ribarizwa hano mu Burundi kandi ako ni akarorero kamwe muri twinshi.Ivyo bigatuma ibikoresho tuba twaguze bidushikira bitevye  ari naho tudaheza ngo dukore neza »   Naho ku bijanye na kazoza k’igihugu , Nahimana Michel atera akamo abanyeshure barangije amashure yisumbuye na za kaminuza ngo  bategure imigambi yobateza imbere bace baha akazi n’abandi na rirya yizigiye ko ari bo bashobora no guhindura ivyiyumviro vya benshi. Arongera agahamagarira  abafise imitahe yisununuye gushigikira abakiri ku rwego rwo hasi akongerako ati : «  Icipfuzo canje ni uko abafise amahinguriro akomeye botwegera tugakorana kuko dufise vyinshi twobafasha na kare  ubugirigiri bugira babiri » Ihinguriro ry’ibitabu Nami rikaba riri hagati mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe Croix-Rouge, rikaba rifise icivugo kivuga ngo «  Umunywanyi w’umwizigirwa abakorera ivyo mwipfuza.